Farah yabaye uwa mbere mu metero 5000 ubwa nyuma ku kibuga ca Zurich

Mo Farah Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mo Farah yahatswe gato gutsindwa na Muktar Edris yamurushije mu kwiruka imetero 5.000m mu gisagara ca Londres mu 2017

Umunonotsi karuhariwe wo mu Bwongereza Mo Farah yasezeye kwiruka ku bibuga atsinze bigoranye kwiruka imetero 5000 mu nkino za Diamond League mu gisagara ca Zurich.

Farah w'imyaka 34 amaze gutahukana intsinzi icuro zine mu nkino za Olempike, ubu azoza ariruka ariko atari mu kibuga.

Farah yahatswe cane asigaje imetero 100 za nyuma aho uwa mbere kw'isi ubu mu kwiruka imetero 500 wo muri Ethiopia Muktar Edris yashatse kumucako, arangiza ku minota 13 amasegunda 06.05.

Umunyamerika Paul Chelimo yabaye uwa kabiri, inyuma y'aho Edris, yari yatsinze Farah mu nkino za Londres mu 2017, yikubitiye hasi ashaka kujabuka umurongo wa nyuma.

Farah yatahukanye umudari w'inzahabu mu gusiganwa imetero 10.000 mw'ihiganwa ryo kurondera uwa mbere kw'isi imbere y'uko atsindwa mu metero 5000 muri iryo higanwa nyene.

Yatsinze ihiganwa rya nyuma ku kibuga ari mu bwongereza mw'ihiganwa ryabereye mu gisagara ca Birmingham.

"Nashaka gutsinda, kandi ndanezerewe cane, ariko vyansavye inguvu nyinshi cane. Nzokumbura cane kwiruka ku kibuga, abantu hamwe n'abarorerezik."

Isiganwa ku metero 5.000 n'imwe mu yandi masiganwa 16 ya Diamond League ariko arabera mu gisagara ca Zurich.