Wenger asaba abakunzi ba Arsenal kubandanya kwizera inyuma yo gutsindwa na Liverpool

Wenger Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

.Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yasavye abakunzi b'uwo mugwi kubandanya kwizera inyuma yo gitsindwa na Liverpool ibitego 4-0 mu rukino rw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ku musi wa Mungu.

Nta mupira n'umwe wa Arsenal wigeze utumbera igoli mu rukino rubi cane rwanebaguwe n'abakunzi hamwe n'abahinga m'uvyo umupira w'amaguru.

"Abantu nibaba bibaza ko ari jewe nteye ingorane, ndasavye imbabazi," ni ko Wenger yabwiye Sky Sports.

"Ariko twipfuza ko abakunzi bacu kubandanya kudufata mu mugongo n'inyuma y'uru rukino rubi, no gutsindwa."

Yongeyeko ko:" Ikintu gusa dushobora gukora n'ukwisubirako tugakina neza."

Wenger yashize umukono ku masezerano y'imyaka ibiri n'aho benshi mu bakunzi b'umugwi wa Arsenal batamwipfuza.

Arsenal yabaye iya gatanu mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, ibura uburenganzira bwo kuja mu migwi yabaye iya mbere iwabo, ubwa mbere mu myaka 21 umenyerezwa na Wenger.

Ariko barashoboye gutsindira igikombe ca FA.

Wenger ntiyakinishije umukinyi yaguzwe amahera menshi Alexandre Lacazette muri urwo rukino, ariko yarakinishije Alexis Sanchez ubwa mbere kuva ihiganwa ritanguye.

Ibitego vya Liverpool vyinjijwe na Roberto Firmino, Sadio Mane, Mohamed Salah na Daniel Sturridge.

Abajijwe ivyagenze nabi muri urwo rukino, Wenger yavuze "vyose vyagenze nabi".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Arsene Wenger amenyereza uwo mugwi wa Arsenal kuva mu 1996, aheruka gushira umukono ku yandi masezerano y'imyaka ibiri mu kwezi kwa gatanu

"Ntitwigeze twerekana ubuhinga bwacu kuva ku munonota wa mbere- natwe turavyishuye," ni uwo mufaransa yavuze.

"Twakinye nabi cane. Ni vyo uyu musi twagoyagoya ugereranije na Liverpool.

"Twakinye nabi cane. Nsinshaka gutwarwa n'agashavu, ariko turafise urugendo rurerure, kandi hari impamvu zabitumye, abakinyi na bo bagiye kuruhukaariko ni ngombwa ko bahatorere icigwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alexis Sanchez yasubiriwe na Alexandre Lacazette ku munota wa 62
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mohamed Salah amaze gutsindira Liverpool ibitego bitatu muri iri higanwa, bisumba ivyo yatsinze mu mwaka wose ari muri Chelsea
Uwufise ububasha kw’isanamu PA

Wenger asaba abakunzi ba Arsenal kubandanya kwizera