Ian Wright: Wenger akwiye kuva muri Arsenal.

Ian Wright avuga ko Wenger akwiye gukura meza muri Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ian Wright avuga ko Wenger akwiye gukura meza muri Arsenal

Arsenal imerewe nabi "uhereye hejuru gushika hasi", umumenyereza Arsene Wenger akwiye gukura meza nk'uko bivugwa n'uwigeze gukinira uwo mugwi Ian Wright.

Intsinzi ya Liverpool y'ibitego 4-0 bwa Arsenal ku musi wa Mungu, vyatumye uwo mugwi ugumana intsinzi imwe gusa mu nkino zitatu umaze gukina muri iyi ntango y'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

"Ni indoto mbi", ni ko Wright, yatsindiye Arsenal ibitego 128 yavuze.

" Kubera iki tutaronka abakinyi bashobora gukinira Arsenal? Wenger ni we akwiye kubibazwa", ni ko yabwiye BBC.

Wright, asanzwe ari umwe mu bakinyi bamenyerezwa na Wenger igihe batsindira igikombe ca FA incuro z'ibiri zose mu 1997-1998, yongeyeko ko : ingorane zimugarukako we nyene.

" Tumaze gukina inkino zitatu, ariko twamaze kubura ayo ducira n'ayo tumira. None vyoba bikwiye ko akinjura? ni vyo jewe nosaba ko agenda kuko sinibaza ko hari ico azomarira abakinyi".

"Ni ku neza n'icubahiro vyiwe". n'ikintu gikomeye- none azoca aja hehe avuye ngaha"?

"Wright kandi aratangazwa n'ibivugwa ko Arsenal yoba yaremereye Chelsea gutwara umukinyi Alex Oxlaide-Chamberlain, yongerako kandi ko Alex Sanchez akwiye kugurishwa ikiringo kitararangira ku musi wa kane.