Ihiganwa ry'abatarenza imyaka 16 rigeze muri 1/2 mu Burundi

Umugwi wa Gitega w'abatarenza imyaka 16 wakuye mw'ihiganwa Makamba ku bitego 2-0 Uwufise ububasha kw’isanamu FFB
Image caption Umugwi wa Gitega w'abatarenza imyaka 16 wakuye mw'ihiganwa Makamba ku bitego 2-0

Inkino z'igice ca kabiri gishira ica nyuma mu batarenza imyaka 16 mu mupira w'amaguru mu burundi zitegekanijwe ku musi wa gatatu hagati ya Rumonge na Muyinga hamwe na Mairie I izohura na Gitega.

Mu gice ca kane gishira ica nyuma Muyinga yakuyemwo Cibitoke ku bitego 2-1, Rumonge yirahira Ruyigi 4-2, Gitega itsinda Makamba 2-0 hanyuma Mairie I itsinda Ngozi ibitego 4-2.

Izo nkino zose zikazobera i Bujumbura.

Rumonge izonyinyurana na Muyinga igihe c'isaha 13:30 isaha y'i Bujumbura mu Burundi, mu gihe igihe c'isaha icenda n'igice, Mairie I izoca ihura na Gitega.

Uwufise ububasha kw’isanamu FFB
Image caption Umugwi wa Mairie I wakuyemwo uwa Ngozi mu batarenza imyaka 16 ku bitego 4-2

I