Oxlade Chamberlain yanse Chelsea, ashaka kuja muri Liverpool

Umukinyi wo hagati wa Arsenal, Alex Oxlade Chamberlain yanse kuja mu mugwi wa Chelsea inyuma y'aho uwo mugwi wemereye kuriha amahera agera ku muliyoni 40 z'amapawundi.
Image caption Umukinyi wo hagati wa Arsenal, Alex Oxlade Chamberlain yanse kuja mu mugwi wa Chelsea inyuma y'aho uwo mugwi wemereye kuriha amahera agera ku muliyoni 40 z'amapawundi.

Umukinyi wo hagati wa Arsenal, Alex Oxlade Chamberlain yanse kuja mu mugwi wa Chelsea inyuma y'aho uwo mugwi wemereye kuriha amahera agera ku muliyoni 40 z'amapawundi.

Oxlade Chamberlain avuga ko Chelsea ishaka kumukinisha mu kibanza c'inyuma i buryo, mu gihe icatuma ashaka kuva muri Arsenal ari uko yoshobora gukina hagati.

Uwo mukinyi ubu afise imyaka 24 ubu yipfuza kuja muri Liverpool.

Vyitezwe ko Liverpool isaba kugura uwo mukinyi imbere y'uko ikiringo kirangira ku musi wa kane, ariko bigashoboka ko agurwa make gusumba ayo Chelsea yashaka gutanga.

Mu gihe hatoboneka umwumvikano, Oxlade Chamberlain ariteguye kurangiza umwaka wiwe wa nyuma muri Arsenal, imbere y'uko ava muri uwo mugwi atakimutangira mu mwaka uza.

Arsenal yipfuza kwikura uwo mukinyi vuba na bwangu.

Oxlade Chamberlain yagiye aratangura mu kibuga mu nkino zose za Arsenal harimwo n'urukino uwo mugwi watsinzwemwo 4-0 na Liverpool.