Umumenyereza wa Crystal Palace, Frank de Boer yasezerewe

Frank de Boer yafashije Ajax gustinda incuro zine zikurikiranya ihiganwa ryo muri Holandi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Frank de Boer yafashije Ajax gustinda incuro zine zikurikiranya ihiganwa ryo muri Holandi

Umumenyereza wa Crystal Palace, Frank de Boer yasezerewe mu mugwi Crystal Palace inyuma y'inkino zitanu gusa n'iminsi 77 y'akazi.

Agiye gusubirigwa n'uwahora amenyereza umugwi w'igihugu c'Ubwongereza, Roy Hodgson, nkuko BBC Sport yavyumvise.

Aba "Eagles" bari mu kibanza ca 19 mw'ihiganwa Premier League inyuma yo gutsindwa 1-0 na Burnley ku munsi wa Mungu-bananigwa kwinjiza mu migwi ine bakinishijwe na De Boer.

Utangaza ukugenda kw'uwo mumenyereza w'imyaka 47 wo mu Buholandi ku rubuga ngurukanabumenyi, umugwi Palace wavuze uti: "Twipfuza gushimira Frank ku bwitange bwiwe n'akazi gakomeye yarangura."

Uwo mugabo yahora amenyereza umugwi Ajax yari yahawe akazi muri rino ci, asubirira Sam Allardyce yasezeye ahejeje gufasha Palace, ntiyasubizwa mw'ihiganwa ryo ku rwego rwo hasi.

Ubuzi bubiri bwa nyuma bwa De Boer bwose bwamaze iminsi 162- mu gihe yirukanywe muri Inter de Milan mu kwezi kwa 11 mu 2016 inyuma y'iminsi 85.

Imbere yaho, uwo mumenyereza yatsinze ihiganwa ryo muri Holandi, Eredivisie, imyaka itanu ikurikirana kuva mu 2011 gushika mu 2015.