Liverpool yankiwe ko hagabanywa igihano ca Mane

Sadio Mane yahawe ikarata itukura nyuma yo guhwanya umunyegoli wa Manchester City Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Sadio Mane yahawe ikarata itukura nyuma yo guhwanya umunyegoli wa Manchester City

Liverpool yankiwe ko hagabanywa igihano cahawe Sadio Mane co kudakina imikino itatu, nyuma yo guhabwa ikarata itukura mu rukino yatsinzwe 5-0 na Manchester City.

Mane yakuwe mu rukino ku munota wa 37, akomanijeko n'umunyegoli wa City, Ederson, yadugije ukuguru kukamukubita mu maso.

Ubu azobura mu nkino za Premier League Liverpool izokina na Burnley hamwe na Leicester, co kimwe n'urukino rumwe rw'igikombe ca EFL.

Ikirego ca Liverpool c'uko Mane yahawe igihano gikabije canswe, nyuma yo kumvirizwa n'umugwi wigenga.

Umumenyereza wa Liverpool, JUrgen Kopp kuwa gatandatu yavuze ko yaba we canke mugenzi wiwe wa City, Pep Guardiola, ata numwe yibaza ko Mane yari guhabwa ikarata itukura.

Abasesanguzi b'ikiganiro ca BBC, Match of the Day, Alan Shearer, Gary Lineker na Ian Wright bose bavuze ko bari gukurikira uwo mupira.

Chris Sutton nawe yabariye ikiganiro Match of the Day 2 ko ikarata itukura yahawe Mane yari ikwiye gufutwa.