Yaya Toure yasibijwe urukino rwa Champions League

Yaya Toure ntari ku rutonde rw'abakina na Feyenoord Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Yaya Toure ntari ku rutonde rw'abakina na Feyenoord

Uwahora arongora umugwi w'igihugu ca Côte d'Ivoire, Yaya Toure, ntiyagize amahirwe yo kuja ku rutonde rw'abakinyi ba Manchester City bahura na Feyenoord yo muri Holandi mw'ihiganwa rya Champions League kur'uno munsi.

Umumenyereza wa City, Pep Guardiola yavuze ati: "Navuganye nawe kandi arazi igituma, biri hagati yiwe na jewe."

Uwo mukinyi w'imyaka 34 wo hagati, ntarakina umunota numwe muri rino higanwa kandi ntiyari no ku rutonde rw'abasubirizi ku munsi wa gatandatu, igihe City itsinze vy'agashinyaguro Liverpool 5-0.

Guardiola yongeye ati: "Ni ingingo ifatiye ku nkino. Yaya yarakomeye cane mw'ihiganwa rirangiye - hari amasezerano y'abakinyi batandatu twahagaritse, iyiwe yonyene niyo yasigaye kubera ko ari umukinyi ahambaye."

Toure ntiyakinye mu ntango y'ihiganwa riheze, bitewe nuko uwumuserukira mu buzima bwo hanze yanebaguye Guardiola, avuga ko yahevye uwo mukinyi wa Côte d'Ivoire.