Kolo Toure mu bamenyereza ba Celtic

Toure agiye gufasha kumenyereza umugwi wa Celtic Uwufise ububasha kw’isanamu SNS
Image caption Toure agiye gufasha kumenyereza umugwi wa Celtic

Kolo Toure yavuze ko adashobora gusigura ingene yaryohewe agarutse muri Celtic mu mugwi w'abamenyereza, agiye gufasha ku bijanye n'ubuhinga.

Toure w'imyaka 36, yakiniye Celtic inkino 17 mw'ihiganwa riheruka, imbere yuko asezerera uwo mwuga akinjira mu gisata co kumenyereza.

"Kino ni ikigabane gishasha, intango nshasha. Ndasezeranye no gukina umupira w'amaguru," niko Toure yavuze ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Celtic.

"Ndashobora kuvuga ku mugaragaro ko nsezereye gukina, ko ngiye mu vyo kumenyereza abakinyi."

Muvyo agiye gukora, uwo mukinyi w'inyuma yahora muri Arsenal, Liverpool na Manchester City "azofasha umugwi wa mbere mu vyo kumenyereza" yongere akoreshe ubumenyi afise mu gufasha imigwi ya Celtic y'abana ku ngazi zitandukanye.

"Kuri jewe, nta kinini gihindutse kuvyo nahora nkora," niko yavuze. "Namye ndi umukinyi akunda gufasha abari iruhande yanje.

"Ubu nzogerageza gutanga impanuro, mfashe abakinyi bakiri bato, ndabereke inzira, ndabavungurire ku buzobere naronse mu mwuga nahoramwo."

Toure avuga ko amaze kwunguka vyinshi mu mugwi wa Celtic.

"Nshobora kwiga vyinshi nkorana na Brendan Rodgers," niko yavuze.

"Ni umumenyereza mwiza. Nzokorana nawe hamwe n'abakozi biwe iminsi yose.

"Ari mu bamenyereza ba mbere beza bakiri bato kw'isi muri kino gihe.