Pep Guardiola: Sergio Aguero ni "igitangaza"

Sergio Aguero yinjije ibitsindo bitatu mu rukino rwabahuje na Watford ku munsi wa gatandatu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sergio Aguero yinjije ibitsindo bitatu mu rukino rwabahuje na Watford ku munsi wa gatandatu

Umumenyereza w'umugwi Manchester City, Pep Guardiola, yakeje umukinyi w'imbere Sergio Aguero avuga ko ari "igitangaza" inyuma yaho yinjirije ibitsindo bitatu mu rukino rumwe bahura na Watford ku wa gatandatu.

Uwo mukinyi rurangiranwa amaze kwinjiza ibitsindo 175 asigaje kwinjiza ibitsindo bitatu gusa ngo ace aba umukinyi wa mbere yinjirije City ibitsindo vyinshi, ikibanza muri kino gihe gifashwe na Eric Brook (177).

Uwo mukinyi w'imyaka 29 aturuka mu gihugu ca Argentine, yinjije ibitsindo bitatu mu rukino rumwe ubwa gatandatu mw'ihiganwa rya Premier League, mu rukino batsinze Watford 6-0.

Guardiola ngo yizeye ko Aguero ashobora kwinjiza ivyo bitsindo bitatu abuze vuba.

"Nizeye ko ashobora kuba uwa mbere afise ibitsindo vyinshi vuba, tukaba twoca tugira umunsi mukuru," niko Guardiola yavuze.

Umukinyi w'Ubwongereza yakinira ku ruhande, Brook, yari muri City kuva 1928 gushika 1940, yinjije ibitsindo vyiwe mu nkino 494, mu gihe Aguero amaze gukina inkino 259 kuva aho yinjiriye muri City mu 2011.