Chelsea-Arsenal 0-0

Chelsea na Arsenal nta numwe yashoboye kuronka igitsindo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Chelsea na Arsenal nta numwe yashoboye kuronka igitsindo

Urukino ruhuza umugwi wa Chelsea na Arsenal rwarangiye ata mugwi numwe uronse igitsindo kuri 0-0

Umugwi wa Arsenal werekanye urukino rwiza naho utari ku kibuga cawo uhura n'umugwi uheruka gutwara igikombe ca Premier League, Chelsea, ku kibuga Stamford Bridge ku munsi wa Mungu.

Inyuma yogutsindwa na Stoke City munyuma ukamaramazwa na Liverpool, umugwi wa Arsene Wenger wateye kw'igoli biciye kuri Aaron Ramsey, munyuma igitsindo c'umutwe ca Shkodran Mustafi kirankwa kubera ukurarira, ariko muri rusangi bikaba vyibonekeje ko bari bafise amahigwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ni ikarata ya mbere itukura David Luiz ahawe mu nkino 119

Umugwi wa Arsenal wadugije icizere inyuma yaho David Luiz aherewe ikarata itukura agasohogwa, akiniye nabi Sead Kolasinac.

Arsenal na Chelsea batahiye inota rimwe rimwe, Chelsea ikaba iri mu kibanza ca gatatu ku rutonde n'amanota 10, mu gihe Arsenal iri mu kibanza ca 12 n'amanota 7.