Mourinho: Nta gihano ciyongera ahabwa ku vyabaye Southampton

Manchester United imaze gutsinda imikino ine bakaba mu kibanza ca kabiri mw'ihiganwa Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester United imaze gutsinda imikino ine bakaba mu kibanza ca kabiri mw'ihiganwa Premier League

Umumenyereza w'umugwi Manchester United, Jose Mourinho, nta kindi gihano azohabwa inyuma yaho ahanywe n'umusifuzi akamwigiza hirya, yahonyoye ku kibuga ku munsi wa gatandatu bahura na Southampton.

Uwo mumenyereza yasohowe na Craig Pawson umwanya uhagaritswe, Man Utd imaze gutsinda 1-0 ku kibuga St Mary.

Inyuma y'icegeranyo cashikirijwe n'uwo musifuzi, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru FA ryafashe ingingo ko ata kindi gihano yohabwa.

Mw'ihiganwa riheze, Mourinho yarahagaritswe guhagararira imikino ibiri ku makosa nka mwenayo.