Arsenal: Wenger ahiriwe ahishije

Alex Iwobi yuguruye amarembo ubwa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu Alamy
Image caption Igitego c'uyu munsi ca Alex Iwobi, kigira 6 ari yinjirije Arsenal ikina na Brighton

Mu gihe umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yahimbaje imyaka 21 iheze atanguranye n'uwo mugwi, yaronse n'intsinzi ya 2-1 kuri Brighton.

Nacho Monreal niwe yanjije igitego ca mbere kuri penarite, ariko Solly March wa Brighton, mu mwanya muto yahatswe kukigombora akubita ku nkingi.

Mugabo Arsenal yaciye yiyongera ica kabiri inyuma y'igice ca mbere c'urukino, cinjijwe na Alex Iwobi.

Intsinzi y'uno munsi itumye Arsenal isigara inota rimwe inyuma ya Tottenham begeranye ku rutonde rwa Premier League rurongowe imbere na Manchester City.

Brighton ubaye umugwi ugira 45 mu migwi itadukanye Wenger atsinze mu nkino za Premier League, akaba aciye umuhigo kubandi bameneyereza bose.

Wenger yari atanguye kurabwa igitsure na benshi, kandi n'ubu abakunzi ba Arsenal ntibamuvugako rumwe, mugabo asa n'uwuriko aratera imbere muri rino sekeza rya Premier League.