Wenger: Barcelona ije mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza ntitwokoroherwa

Umumenyereza Arsene Wenger wa Arsenal
Image caption Umumenyereza Arsene Wenger wa Arsenal

Inyuma y'aho umugwi amenyereza utsindiye Brighton and Hove Albion 2-0, umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ico yiyumvira mu gihe Barcelone yoja mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza

Kubera ibibazo vya politike mu ntara ya Catalogne, vyaranuganuzwe aho umugwi wa Barcelone wokina mu gihe vyoba ngombwa ko uva mw'ihiganwa ryo muri Espagne, La Liga.

Wenger yarabajijwe ico yiyumvira mu gihe uwo mugwi woza mu Bwongereza, n'ico yokora bishitse.

"Noca niga ikicatalan", ni ko yabwiye abamenyeshamakuru.

"Mu gihe Barcelone yoza mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, yotuma ibintu bitoroha kuri buri wese".

"Ariko sinibaza ko bizoshika hiyo, si ikintu coba ari ciza kuko Barcelone si umugwi wa politike".

Image caption Abakinyi ba Barcelone

Abajijwe nimba yobaha ikaze mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, uwo mumenyereza w'umufaransa yavuze ko vyoba vyiza bahiganywe n'iyindi migwi yo muri Catalogne mu gihe boba bashaka guteza imbere iryo higanwa.

"Nibaza ko vyoba biryoshe kuraba uko bigenda mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo", ni ko yongeyeko.

"Dufise imigwi ikwiye ishika 20, ushaka kwongerako iyindi migwi gushika ku 24 ni vyiza gushiramwo imigwi yo muri Ecosse imbere yo gushiramwo iyo muri Espagne".