Ibihugu bitatu vyasabiye hamwe gutegura inkino z'igikombe c'isi co mu 2030

Uruguay's Luis Suarez and Barcelona team-mate Lionel Messi of Argentina pose for photos in special kits promoting the 2030 bid Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Luis Suarez Uruguay na Lionel Messi wa Argentina

Argentine, Uruguay na Paraguay bizosabira hamwe gutegura inkino z'igikombe c'isi co mu mwaka wa 2030.

Abakuru b'ibihugu b'ivyo bihugu bitatu bashize ahabona uwo mugambi mu gisagara ca Buenos Aires ku musi wa gatatu, n'aho igikorwa co kurondera igihugu kizotegura izo nkino kizoba mu gihe kirekire kiri imbere.

Igikombe c'isi co mu 2030 hazoba hariko harahimbazwa imyaka ijana kuva iryo higanwa ritanguye mu 1930.

Inama ya mbere yo gutegura ico cipfuzo co gutegurira hamwe izo nkino izoba mu ndwi ya mbere y'ukwezi kwa cumi na rimwe, nk'uko bivugwa na prezida wa Paraguay, Horacio Cartes.

Mu bindi bihugu bizokwipfuza gutegura izo nkino, igihugu ca Uruguay kirafise amahigwe mu gihe kizoba kibaye igihugu ca mbere mu myaka ijana gitunganije iryo higanwa.

Iciyumviro co gusabira hamwe gutunganya ihiganwa nk'iryo ryo mu 2026 ca Amerika, Mexique na Canada gishobora kwemerwa.

Ibihugu 48 muri 32 ni vyo bizohiganwa mu nkino zo mu 2026 inyuma y'isubirwamwo ry'amategeko ya FIFA mu ntango z'uyu mwaka.