Champions League mu bakobwa: Chelsea yikuye Bayern

Intsinzi ya Chelsea yatumye ija mu migwi ya nyuma 16 ubugira kabiri mu mahiganwa atatu akurikirana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Intsinzi ya Chelsea yatumye ija mu migwi ya nyuma 16 ubugira kabiri mu mahiganwa atatu akurikirana

Umugwi wa Chelsea w'abakobwa winanase ntiwava mw'ihiganwa rya Champions League uhejeje gutsindwa na Bayern Munich yasezeye hisunzwe amategeko yo gutsindira hanze.

Chelsea yatsinzwe na Bayern 2-1 ariko ikaba yari yatsinze 1-0 mu rukino rwa mbere gutryo biba bibaye 2-2, chelsea ibandanya ku kuba hari igitsindo yatsinze hanze giharugwamwo bibiri igihe c'amangane.

Igitsindo ca Chelsea co mu gice ca kabiri catumye uwo mugwi winjira ku rutonde rw'imigwi 16 ya nyuma igiye kubandanya ihiganwa.