Abakobwa ba Man City binjiye 1/8 muri Champions League

Imigwi ya Man City na Chelsea imaze kuronka itike yo kwinjira mu 1/8 mw'ihiganwa rya Champions League Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Imigwi ya Man City na Chelsea imaze kuronka itike yo kwinjira mu 1/8 mw'ihiganwa rya Champions League

Umugwi wa Man City mu gisata c'abakobwa wahambije uwa Chelsea mu gice c'ic'umunani inyuma yo gutsinda umugwi St Polten wo muri Autriche ibitsindo 6-0 mu nkino zose.

Mu gihe bari batsinze mu rukino rwa mbere 3-0, City yari ifise amahigwe yo kurushirizaho gutsinda ariko penaliti ya Jane Ross irafatwa n'umunyezamu Jasmin Boisits.

Nikita Parris niwe yahavuye yugurura ibitsindo munyuma Jill Scott ashiramwo ikindi imbere yuko baja kuruhuka.

Igitsindo ca gatatu cinjijwe na Melissa Lawley.

Umugwi w'abakobwa wa Man City uciye winjira mu migwi 16 izohiganwa mu gice ca 1/8 co kimwe n'uwa Chelsea winjiye umaze kwikura umugwi wa Bayern Munich ku munsi wa gatatu.