Intsinzi ya mbere ya Sharapova nyuma y'igihano c'amezi 15 adakina

Maria Sharapova yahagaritswe kubera gukoresha imiti itemewe Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Maria Sharapova yahagaritswe kubera gukoresha imiti itemewe

Umukinyi wa Tennis w'Umurusiyakazi, Maria Sharapova, yatsinze ihiganwa ryiwe rya mbere kuva aho agarukiye gukina nyuma y'amezi 15 y'igihano.

Ico gihano yagihawe amaze kwagirwa n'icaha co gukoresha imiti yongera inguvu itemewe.

Uyu mukinyi yahoze ari uwa mbere ku rutonde rw'isi mu gabore, yatsinze Aryna Sabalenka wo muri Belarus iseti zibiri ku busa mw'ihiganwa rya Tianjin Open ryo mu Bushinwa.

Ihagarikwa rya Sharapova mu rukino rwa tennis ryashizwe mu ngiro urwego rubijejwe rumaze kwanka kwiregura kwiwe, aho yavuga ko yafashe umuti wa meldonium kubera uburwayi, atazi ko wari ubujijwe.