Harry Kane ntazokina urukino ruzobahuza na Manchester United

Harry Kane igihe yababara kw'ivi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harry Kane igihe yababara kw'ivi

Umukinyi w'imbere wa Tottenham Harry Kane ntazoja mu rukino ruzobahuza na Man United ruzoba ku musi wa gatandatu inyuma yo gukomereka kw'ivi.

Kane yatsinze ibitego bibiri igihe Tottenham yatsinda Liverpool ibitego 4-1 ku musi wa mungu imbere y'uko avamwo ku munota wa 88.

Uwo mukinyi w'imyaka 24 ni we afise ibitego vyinshi mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza muri uyu mwaka, akaba afise ibitego umunani.

"Abaganga n'uwujejwe amagara muri uwo mugwi bafashe ingingo yo kumukingira", ni ko umumenyereza wa Tottenham Mauricio Pochettico yavuze.

Nta kamaro ko kwigerezako kuko hari igihe vyotuma ababara gusumba.

Kane yatsinze ibitego 13 mu nkino 12 amaze gukina muri uyu mwaka, mu gihe Tottenham iza mu kibanza ca gatatu ku rutonde rw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Manchester United ni iya kabiri ku rutonde bakaba banganya amanota na Tottenham.