Ubutaliyano bwahaze mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rya 2018

Suède yaheruka kuja mu gikombe c'isi yose mu 2006, umwaka Ubutaliyano bwegukana igikombe Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Suède yaheruka kuja mu gikombe c'isi yose mu 2006, umwaka Ubutaliyano bwegukana igikombe

Umugwi w'igihugu c'Ubutaliyano ntuzoshobora kuja mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu mwaka uza mu Burusiya, bukaba buzoba bubaye ubwa mbere kuva mu 1958.

Ibinyamakuru vyo mu Butaliyano vyaguye mu gahundwe inyuma yaho umugwi w'igihugu vyankiye ko ubandanya mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, unganije n'uw'igihugu ca Suède 0-0.

Ikinyamakuru ANSA cise ukwo kunanigwa kubandanya nka "Caporetto" -- cibutsa ingene Ubutaliyano bwaneshejwe nabi n'ingabo za Autriche mu ngwano ya mbere y'isi yose (haraheze imyaka ijana).

Ikinyamakuru La Gazzetta dello Sport kigereranya ukwo kudashobora kwinjira mw'iryo higanwa nk'umuhero w'uwo mugwi.

Umumenyereza wawo, Gian Piero Ventura, yasavye ikigongwe abataliyano, avuga ko adashobora gutanga imihoho atabanje kuvugana n'ubutegetsi.