Abanyamerika batatu bakina basket barekuwe n'Ubushinwa

LiAngelo Ball ari muri batatu bari bapfungiwe mu Bushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption LiAngelo Ball ari muri batatu bari bapfungiwe mu Bushinwa

Abanyamerika batatu bakina basket bari bapfunzwe bagirizwa ubusuma bwo mw'iduka, barekuwe n'ubutegetsi bw'Ubushinwa.

Abo bakinyi ba "University of California, Los Angeles" (UCLA), bivugwa ko bafashwe bariko bariba mw'iduka Louis Vuitton riri i Shanghai mu ndwi iheze.

Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko yavuganye ico kibazo n'umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping, igihe yari mu rugendo mu karere ka Asia.

Ntibiramenyekana ko ivyo baregwa vyahanaguwe canke ko abo bakinyi bagiye guhagarikwa mu mugwi.

Abo bakinyi batatu, Cody Riley, LiAngelo Ball na Jalen Hill basubiye imuhira i Los Angeles.

Uwurongoye UCLA, Gene Block yavuze ko banezerejwe nuko barekuwe.

"Ica mbere twarondera nuko abanyeshuli bacu bagaruka mu mahoro," niko yavuze mw'itangazo.

"Nashaka ngo nsobanure neza ko dufata nka kama ikintu cose cerekeye ukurenga amategeko," niko yabandanije avuga, yongera avuga ko ivyabaye biriko birihwezwa na kaminuza.

Yashimiye "perezida hamwe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu White House n'ubutegetsi ku twigoro twakozwe ngo haboneke inyishu".