Arsene Wenger: Sanchez na Ozil bazoguma muri Arsenal mu kwa mbere

Alexis Sanchez and Mesut Ozil Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alexis Sanchez na Mesut Ozil bamaze kwinjiriza ibitego 149 umugwi wa Aesenal

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger avuga ko Alexis Sanchez na Mesut Ozil batazova muri uwo mugwi inyuma y'ukwezi kwa mbere "kiretse habaye ikintu kidasanzwe".

Amasezerano y'abo bakinyi babiri bose azorangirana n'uyu mwaka.

Abajijwe nimba yibaza ko bazoguma muri uwo mugwi, Wenger yishuye:" Ego cane."

Uwo mumenyereza w'umufaransa yavuze kandi ko ashigikiye ko umukinyi wo hagati Jack Wilshere ko aguma mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Wenger yongeyeko:" Nzokora uko nshoboye mu kumugwanira kugira agume ngaha kuko ari umukinyi afise ubuhinga bukomeye."

Umukinyi Wilshere w'imyaka 25 yagiye aragira ibibazo vyo gukomereka kuva agiye muri Arsenal mu ntango ya 2008, akaba yamaze umwaka wa 2016-2017 yaratijijwe muri Bournemouth.

Umukinyi w'imbere wo muri Chili Sanchez yaje ava muri Barcelone mu 2014, amaze gutsinda ibitego 56 mu nkino 113, mu gihe umudagi Ozil amaze gufasha gutsinda ibitego 45 kuva mu ntango y'ukwezi kw'icenda mu 2013, gusumvya uwundi mukinyi uwo ari we wese wo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Bose Sanchez w'imyaka 28 na Ozil w'imyaka 29 ni abantu bakomeye kuri Wenger.