Peter Crouch yashize umukono ku masezerano mashasha na Stoke

Peter Crouch Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Peter Crouch avuga ko ashobora kubandanya akina umupira mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza gushika ashikane imyaka 40

Umukinyi w'imbere w'umugwi wa Stoke, Peter Crouch yashize umukono ku masezerano y'uwundi mwaka umwe, akaba agiye gukinira uwo mugwi gushika mu 2019.

Crouch w'imyaka 36 yakiniye umugwi w'Ubwongereza imyaka 42, ni we mukinyi wa mbere yinjirije ibitego vyinshi uwo mugwi, aho yinjije ibitego bine muri uyu mwaka.

Ivyo akaba yabikoze mu gihe inkino umunani yinjijemwo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza yinjira asubiriye uwundi mukinyi.

"Aracafise ico adufashije kuri twebwe," ni ko umumenyereza Mark Hughes yavuze.

Crouch yagiye mu mugwi wa Stoke avuye muri Tottenham mu 2011 aguzwe amapawundi imiliyoni 10, amahera menshi ya mbere uwo mugwi wari utanze ku mukinyi.

Imbere y'aho, yakiniye imigwi ya Liverpool, Portsmouth , QPR, Southampton na Aston Villa.

Mu ntango y'uku kwezi, yaraciye umuhigo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, mu kwinjira kenshi asubiriye abandi- incuro 143, inyuma yo kwinjira mu kibuga asubiriye uwundi mukinyi bariko barakina na Brighton.

Mu kwezi kwa cumi, Guiness yamugize umukinyi wa mbere yatsinze ibitego vyinshi akoresheje umutwe mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, ibitego 51 vyose.