Arsenal yatsinze Huddersfield Town 5-0.

Ubu umugwi wa Arsenal uri mu kibanza ca kane n'amanota 28
Image caption Ubu umugwi wa Arsenal uri mu kibanza ca kane n'amanota 28

Arsenal yatsindiye ku kibuga cayo umugwi wa Huddesfield Town ibitego 5-0 mu mukino Arsenal yifashemwo neza cane.

Ibitego vya Arsenal vyinjijwe na Alexandre Lacazette, Olivier Giroud yinjije kabiri, Alexis Sanchez na Mesut Ozil.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko ari imihezagiro kuronka amanota atatu akenewe cane muri iki gihe imigwi ifise inkino nyinshi.

Ku ruhande rwa David Wagner amenyereza umugwi wa Hudderfield yavuze ko urwo rukino rutabaye rwiza kuri bo, anongerako ko ihiganwa ryo mu Bwongereza rigoye kuko buri mugwi uba ushaka gutsinda.

Inyuma y'iyo ntsinzi Arsenal yaciye iduga mu kibanza ca kane n'amanota 28.

Mu zindi nkino:

Bournemouth 1-2 Burnley

Chelsea 1-0 Swansea City

Everton 4-0 West Ham United

Manchester City 2-1 Southampton

Stoke City 0-3 Liverpool