Uko isoko ry'abakinyi ryifashe i Buraya ku wa mbere itariki 04.12.2017

Thibaut Courtois Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Thibaut Courtois

Umumenyereza wa Everton Sam Allardyce ariko ararondera cane umukinyi w'imbere wa Watford Troy Deeney w'imyaka 29, akaba ari we wa mbere yipfuza kugura mu gihe c'ihererekanya ry'abakinyi mu kwezi kwa mbere. (ESPN)

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yabwiye abategetsi ba Chelsea ko ariko arihweza amasezerano y'umunyegoli Thibaut Courtois w'imyaka 25 hamwe n'umukinyi Eden Hazard w'imyaka 26 imbere y'uko igihugu cabo c'Ububiligi kibajana mu nkino z'igikombe c'isi. (Express)

Arsenal iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Seville Steven N'Zonzi w'imyaka 28 inyuma y'aho uwo mukinyi yaciye mu migwi ya Blackburn na Stoke bacaniyemwo n'umumenyereza wiwe Eduardo Berizzo. (AS, via Sun).

Image caption Steven N'Zonzi

Umukinyi w'imbere wa Newcastle Aleksandar Mitrovic w'imyaka 23 azosubira mu mugwi wa Anderlecht mu kwezi kwa mbere.

Everton, West Ham na Swansea babandanya kurondera umunyegoli wa Augsburg Daniel Opare w'imyaka 27 mu kwezi kwa mbere. (Mail)

Arsenal na Tottenham barashaka cane umukinyi Dani Ceballos. Uwo kinyi wo hagati w'imyaka 21 ntanezererewe umugwi wa Real Madrid (Calciomercato).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Dani Ceballos

Umukinyi wo hagati wa Schalke n'Ubudagi Leon Goretzka w'imyaka 22 azogira ico ashikirije imigwi ya Manchester United, Arsenal na Barcelone imigambi yiwe mu kwezi kwa mbere mu gihe iyo migwi yose iguma imurondera cane.

Tottenham iriteguye kugiranira amasezerano n'umukinyi wo hagati Yusuf Yazici akinira umugwi Trabzonspor wo muri Turkia. (Sporx-in Turkish)

Umugwi wa Gremio wo muri Brezil wabwiye Barcelone ko bategerezwa kuriha imiliyoni 50 z'ama Euro ku mukinyi wo hagati Arthur (RAC1, via Mail)