Burundi: Prezida Nkurunziza yuguruye isiganwa ry'amakinga

Prezida Nkurunziza yuguruye isiganwa ry'amakinga rizomara imisi itanu ryatanguriye mu ntara ya Ngozi
Image caption Prezida Nkurunziza yuguruye isiganwa ry'amakinga rizomara imisi itanu ryatanguriye mu ntara ya Ngozi

Isiganwa ry'amakinga rizomara imisi itanu ryatangujwe na prezida Pierre Nkurunziza mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi.

Iryo higanwa ryitabwe n'abanonotsi babigize umwuga 12, bava mu bihugu vy'Uburundi ari bwo bwatunganije iryo higanwa, Tanzania, Uganda na Kenya.

Abanonotsi bo mu gihugu c'Urwanda ntibitabiriye iryo higanwa.

Prezida Nkurunziza yuguruye isiganwa ry'amakinga rizomara imisi itanu ryatanguriye mu ntara ya Ngozi

Yugurura iryo higanwa, prezida Pierre Nkurunziza yavuze " ibi vyerekana ko ari igihugu kirimwo amahoro. ndashimira abateguye iryo higanwa muri ibi bihe biheza umwaka. Jewe naje kubashigikira kubera nk'umuntu akuze sinshobora guhiganwa n'imisore".

Image caption Imbere y'uko iryo higanwa ritanguye babanje gutera igiti ku mugwa mukuru w'intara ya Ngozi.

Imbere y'uko iryo higanwa ritanguye babanje gutera igiti ku mugwa mukuru w'intara ya Ngozi.

Inyuma yo gutera ico giti, umwe mubateguye iryo higanwa, Kisembo Rones Tendo yavuze " iri higanwa n'iryo gutsimbataza amahoro no gukangurira abantu kubungabunga ibidukikije hamwe no guteza imbere igisata c'ingenzi".

Mubitavye iryo higanwa harimwo abapfasoni batanu, harimwo umwe ava mu gihugu ca Kenya.

Bitegekanijwe ko iryo higanwa rirangira ku musi wa gatanu hatanzwe udushimwe ku barushije abandi.

Image caption Bamwe mu basiganwa ku makinga baserukiye igihugu ca Uganda