Mourinho yasabwe gutomora ivyo yavuze imbere y'urukino na City

Mourinho yavuze ko abakinyi ba City "bagushwa n'akayaga gake" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mourinho yavuze ko abakinyi ba City "bagushwa n'akayaga gake"

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, yasabwe gusigura ivyo yavuze imbere y'urukino yatsinzwe na Manchester City kuwa mungu.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA, ryasavye insiguro uwo munye Portugal ku vyo yavuze mu kiganiro c'imbere y'urukino kuwa gatanu.

Mourinho yavuze ko abakinyi ba City bagwa hasi bitagoranye, agira ati: "Akayaga gake gusa gahushe baca bagwa."

Afise gushika isaha 18:00 GMT kuwa mbere kugira yisigure kuri FA.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pep Guardiola ashigikiye abashaka kwiyonkora kw'intara ya Catalonia muri Espagne

Mourinho w'imyaka 54, yanavuze ko atibaza ko ashobora kwemererwa gukora ikimenyetso ca politike ari mu mpande z'ikibuga nka Guardiola.

Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, amaze iminsi yambara ku mpuzu amaja ku gikiriza akantu k'umuhondo, nk'ikimenyetso co kwiyamiriza ipfungwa muri Espagne ry'abashigikiye kwikukira kw'intara ya Catalonia.