CECAFA U-17: Uburundi burakwije ibisabwa kugira butegure izo nkino

Umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye (hagati) Uwufise ububasha kw’isanamu Amidou Hassan
Image caption Umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye (hagati)

Umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye, avuga ko ibibuga vy'i Ngozi, Muyinga na Gitega bikwije ibisabwa n'amategeko kugira vyakire inkino za CECAFA zitegekanijwe mu ntango z'ukwezi kwa kane.

Mu rugendo rw'imisi ibiri yagize mu Burundi, Nicholas Musonye yarishikiye kuri ivyo bibuga vyose, ngo asanga birakwije ivya ngombwa kiretse ico i Gitega, hagati mu Burundi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Musonye yavuze ko abategetsi b'iyo ntara ya Gitega hamwe n'imvukira bamwijeje ko itariki ya mbere ukwezi kwa kane, ico kibuga kizoba gikwije ivya ngombwa.