Bournemouth 2-1 Arsenal

Arsenal yakinye idafise abakinyi bayo b'inyuma bakomeye Laurent Koscielny na Nacho Monreal Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Arsenal yakinye idafise abakinyi bayo b'inyuma bakomeye Laurent Koscielny na Nacho Monreal

Umugwi wa Bournemouth wavuye inyuma utsinda Arsenal ibitsindo 2-1, buba bubaye ubwa gatanu Arsenal itsindwa hanze mw'ihiganwa ry'uno mwaka, ikaba kandi iriko irururuka iva mu migwi itandatu ya mbere.

Urukino rwa Arsenal rwari rugereranye mu gihe abakinyi babiri b'inyuma bakomeye (Laurent Koscielny na Nacho Monreal) batakinye, ukongerako na Alexis Sanchez ashobora kugenda muri kano karyo ka nyuma k'umwaka k'uguhererekana abakinyi.

Umumenyereza wa Bournemouth, Eddie Howe, yabwiye BBC Sport ati: "Ni intsinzi nini kuri twebwe. Intsinzi iyariyo yose muri Premier League irahambaye. Rwari urukino rukomeye, naho atari cane, ariko tukaba twakinanye umutima, tuva inyuma twari twatsinzwe.

Ndanezerejwe n'ingene abakinyi bigenjeje uno munsi. Ntibagoyagoya, mu bisanzwe turi mu migwi ya mbere ifise abakinyi bakomeye ku bijanye n'amagara mw'ihiganwa rya mbere. "

Munyuma Arsene Wenger nawe nyene yavuganye na BBC Sport: "Twari 1-0 munyuma dutsindwa bukwi ibitsindo bibiri, ntituzi iyo vyazananye. Birababaje. Muri rusangi dukwiye kwihweza ivy'urwo rukino neza, kuko twagize amakosa tutari dukwiye gukora.

Inyuma y'ugutsindwa, Arsenal isa n'iyiriko irururuka iva mu migwi itandatu ya mbere, mu gihe Bournemouth yo yaduze ku kibanza ca 13.

Runo rukino rutumye Arsene Wenger asubira mu bihe bigoye, mu gihe haheze imyaka abakunzi b'umugwi Arsenal basemerera ngo akugwe ku bumenyereza bw'uwo mugwi.