Liverpool yatangaje Man City mu kuyitsinda 4-3

Sadio Mane mu munezero inyuma yo kwinjiza igitego ca gatatu ca Liverpool Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sadio Mane mu munezero inyuma yo kwinjiza igitego ca gatatu ca Liverpool

Umugwi wa Manchester City uza kw'isonga mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, ukaba utari bwatsindwe na rimwe kuva ihiganwa ritanguye, kuri uyu w'Imana watsinzwe na Liverpool ibitego 4-3.

City ishobora kuba ibabajwe no kuba yahaye akaryo Liverpool ko kuyitsinda.

Ivyo Liverpool yerekanye ni vyo bishobora gushikira City mu gihe itifashe neza, ihanganye n'umugwi utabaha agahengwe.

Alexander Oxlade-Chamberlain ni we yinjije igitego ca mbere ca Liverpool ku munota w'icenda.

ManLeroy Sané ni we yinjije igitego co kunganya ca Man City.

Liverpool yinjije ibitego 3 mu minota icenda.

Gushika ku munota wa 84, Liverpool yari ifise ibitego 4 kuri 2 ba City.

Manchester City yinjije igitego kigira gatatu mu mwanya w'inyongera, mbere ikaba yanahushije igitego co kunganya imbere y'uko urukino rurangira.

Urutonde rw'abakinyi ba Liverppol batsinze Man City

Uko Liverpool na Manchester City zihagaze mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza