Umuhagarikizi yakubise umugere umukinyi anamuha n'ikarata

Referee Tony Chapron appears to aim a kick at Diego Carlos Uwufise ububasha kw’isanamu BT Sport
Image caption Umuhagarikizi Tony Chapron yabonetse ariko arakubira umugere umukinyi wa Nantes Diego Carlos

Urukino hhagati ya Paris St-Germain hamwe n'umugwi wa Nantes rwabayemwo ibibazo inyuma y'aho umuhagarikizi akubitiye umugera umukinyi anamuha n'ikarata y'umuhondo.

Uwo muhagarikizi Tony Chapron yagize ivyo inyuma yo kugongana n'uwo mukinyi Diego Carlos.

Yaciye yereka uwo mukinyi ikarata ya kabiri y'umuhondo, aca amusohora mu kibuga mu gihe hari mu mwanya w'inyongera.

Umugwi wa Nantes warangije urukino bakina bari 10 gusa.

Uwurongoye umugwi wa Nantes, Waldemar Kita yavuze ko umuhagarikizi Chapron akwiye guhagarikwa nk'amezi atandatu kubera inyifato yiwe muri urwo rukino.

Yongeyekoko:" Siniyumvisha ko yabigize n'ibigirankana."

Igihe PSG bariko barashaka kwinjiza Nantes, Carlos yagonganye n'umuhagarikizi Chapron, aho bigaragara ko atabikoze n'impaka.

" Biratwengeje," uko ni ko Kita yabwiye imboneshakure imwe yo mu Bufaransa.

"Naronse ubutumwa 20 buvuye hirya no hino kw'isi bambwira ko uyu muhagarikizi atwengeje.

"Novuga vyinshi kuri ivyo, nohava mpamagarwa kwisigura mu kanama kajejwe inyifato nziza. Nta burenganzira bwo kugira ico uvuze."

PSG batisnze urwo rukino rwabo rwa mbere inyuma y'akaruhuko ko mu gihe c'imbeho, igitego cabo rukumbi kikaba cinjijwe na Angel di Maria ku munota wa 12 ku kibuga ca Beaujoire.

Iyo ntsinzi, bayironse Neymar baguze imiliyoni 200 z'amapawundi - bakaba ubu bari imbere n'amanota 11 barusha ababakurikira mw'ihiganwa ryo mu Bufaransa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umunye Brezil Diego Carlos yirukanywe mu kibuga Tony Chapron
Uwufise ububasha kw’isanamu Andrew Mullen

Umumenyereza wa Nantes Claudio Ranieri yavuze:"Ikintu kibi gikomeye kizoba kuri Diego Carlors n'uko atazokina mu rukino rukurikira.

Rwari urukino rwiza ngaha, twariko turanibagira igitego banse kubera kurarira hamwe n'ivyashikiye Diego Carlos."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Angel di Maria ni we yatsinze igitego kimwe rukumbi cabonetse muri urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Beaujoire