Uko kw'isoko ry'abakinyi vyifashe ku wa kabiri 23.01.18

Aymeric Laporte Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umugwi wa Manchester City ushaka umukinyi Aymeric Laporte kandi uriko uriyumvira gukwiza amahera asabwa kugira umugwi wa Athletic Bilbao urekure uwo mukinyi w'inyuma w'Ubufaransa w'imyaka 23, ashika ku miliyoni 60 z'amapawundi. (Sun)

Umugwi wa Borussia Dortmund ushaka kugura umukinyi w'imbere w'Ubufaransa n'a Arsenal Olivier Giroud w'imyaka 31, mu gusubiriza umukinyi w'uwo mugwi umunye Gabon Pierre-Emerick Aubameyang w'imyaka 28- canke bahagarike uwo mugambi gushika mu ci. (Mirror)

Chelsea iracihweza kuriha amahera y'ihererekanwa ry'abakinyi babo bafise imyaka 30, kugira bagure umukinyi wo muri Bosnia Edin Dzeko w'imyaka 31 ubu akinira umugwi wa Roma. Umugwi umenyerezwa na Antonio Conte ushobora ayo masezerano ya kabiri ya Dzeko hamwe n'umukinyi w'inyuma w'Ubutaliyano Emerson Palmieri w'imyaka 23 ku miliyoni 44 z'amapawundi. (Relegraph)

Canke Chelsea irihe kuri abo bakinyi bose imiliyoni 50 z'amapawundi. (Mirror)

Crystal Palace yatanguye ibiganiro na Inter Milan kugira bagure ku miliyoni zirenga 8.5 z'amapawundi umukinyi w'imbere Eder w'imyaka 31. (Mail)

Newcastle iriteguye kwemera kwakira umukinyi wa Chelsea na Brezil Kenedy w'imyaka 21 kw'ideni mu masaha 24 ari imbere. (Mail)

Image caption Mohamed Salah wa Liverpool

Real Madrid iriko iritegura kugura umukinyi Mohamed Salah wa Liverpool w'imyaka 25 mu ci, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Misri. (Liverpool Echo)

Newcastle iriko iragerageza kugura umukinyi w'imbere wa Atletico Madrid, umufaransa Kevin Gameiro w'imyaka 30. (Express)

Umukinyi w'imbere wa West Ham Andy Carrol w'imyaka 29 ntazohonyoza mu kibuga mu kiringo c'amezi atatu inyuma yo kubagwa ukuguru yari yavunitse. (Telegraph)

Amakenga ku magara ya Fabian Delph aratuma Manchester City ishaka kugura umukinyi wa Shakhtar Donetsk wo hagati w'imyaka 24 Fred, hakurindira gushika igihe c'ici. (Manchester Evening News)

Umukinyi w'imbere wa Brezil Lucas Moura w'imyaka 25 aronderwa n'umugwi wa Tottenham avuga ko "atanezerewe" no kuba muri Paris St-Germain. (L'Equipe)

Umumenyereza wa Bournemouth Eddie Howe avuga ko igaruka rya Junior Stanislas hamwe n'umukinyi w'imbere wo muri Norvege Joshua King w'imyaka 26, yari yaravunitse ari nko kugura abakinyi bashasha babiri. (Bournemouth Echo)