Uko isoko ry'abakinyi ryifashe i Buraya ku wa gatatu itariki 24.01.18

Pierre-Emerick Aubameyang Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pierre-Emerick Aubameyang

Arsenal yongereje amahera yo kugura umukinyi wa Borussia Dortmund, umunye Gabon Pierre-Emerick Aubameyang w'imyaka 28 kuva ku miliyoni 48.3 gushika ku mapawundi imiliyoni 50.9. (Bild)

Umuhinga muvyo umupira w'amaguru mu Budagi Raphael Honigstein yemeza ko icizere co gutwara Aubameyang gishoboka mu gihe umugwi wiwe yokemera gutizwa umukinyi w'imbere wa Arsenal w'imyaka 31 Olivier Giroud mu misi isigaye ngo ihiganwa rirangire. (BBC Radio 5live)

Arsenal kandi ishaka kugura umukinyi wa West Brom Jonny Evans. Uwo mukinyi wo muri Irland ya ruguru yaranse gushira umukono ku masezerano mashasha n'uwo mugwi. (Mirror)

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho ariko ararondera umukini wo hagati wa Nice yamuka muri Cote d'Ivoire Jean Michael Aeri w'imyaka 26. (Sun)

Uwahoze amenyereza umugwi wa Manchester United Louis van Gaal n'umwe mubahiganirwa kumenyereza umugwi nserukiragihugu wa Australia. (Telegraph)

Umukinyi w'imbere wa Atletico Madrid na Argentine Nicolas Gaitan w'imyaka 29 yahawe umushahara w'ipawundi 120.000 ku ndwi kugira aje gukina mu mugwi wa Swansea. (Sun)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Raheem Sterling

Manchester City bariko bariyumvira kurondera umukinyi w'inyuma wa Atletico Bibao Aymeric Laporte w'imyaka 23, hamwe n'umukinyi wo hagati wa Shakhatar Donetsk, umunye Brezil Fred w'imyaka 24. (Guardian)

Raheem Sterling ni we mu kinyi agiye gusinyiranira amaezerano mashasha y'igihe kirekire na Manchester City muri iyi misi ya vuba. Ayo masezerano y'uwo mukinyi w'imbere w'umwongereza n'ayo guhembwa ipawundi 275.000 buri ndwi. (Mirror)

Real Madrid basubiye kurondera umunyegoli wa Manchester United David de Gea w'imyaka 27. Uwo mugwi kandi wo muri Espagne bivugwa ko iriko irarondera umunyegoli wa Chelsea, umubiligi Thibaut Courtois. (Marca)

Liverpool yatanguye ibiganiro vyo kugura umukinyi Luan wo mu mugwi wa Gremio. Uwo munya Brezil vyitezwe ko azoza arahembwa imiliyoni 16 nk'uko biri mu masezerano yiwe kugira yemeregwe kuja mu wundi mugwi. (Yahoo Sport)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Andre Schurrle

West Brom bafise inyota yo kugura uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Chelsea Andre Schurrle w'imyaka 27 kw'ideni.

Borussia Dortmund bariteguye kuriha igice c'umushahara c'uwo mudagi gishika ku mapawundi 140.000 buri ndwi. (Mail)

West Brom kandi barashaka kugura umukinyi w'imbere wa Bournemouth, umunye DRC Benik Afobe w'imyaka 24. (Sky Sports)

Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Brezil Ronaldo, ariko ariyumvira kugura umugwi wo mu cicaro ca kabiri mu Bwongereza canke muri Espagne. (Folha de S. Paulo, via Mail)

Bishoboka ko umukinyi wa kera wa Leeds United, Ross McCormack agaruka muri uwo mugwi. Uwo mukinyi w'imbere wa Ecosse n'umwe mu bakinyi babiri ba Aston Villa baronderwa n'uwo mugwi. Uwundi ni umunyegoli Tommy Elphick w'imyaka 30. (Yorkshire Post)