Rwanda: Umumenyereza w'amavubi Antoine Hey yisabiye gukinjura

Antoine Hey Uwufise ububasha kw’isanamu Jana Lange
Image caption Uwo mudagi Antoine Hey yamenyereza umugwi nserukiragihugu w'Urwanda kuva mu kwezi kwa gatatu mu 2017

Umumenyereza mukuru w'umugwi nserukiragihugu w'Urwanda, Antoine Hey yisabiye kurangiza amasezerano bafitaniye n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu, inyuma y'imisi ibiri gusa Amavubi asezerewe mu nkino za CHAN.

Ivyo abisavye inyuma y'imisi ibiri Urwanda rusezye mw'ihiganwa rya CHAN ririko rirabera muri Maroc.

"Ferwafa iramaze kuronka urwandiko rw'umumenyereza Antoine Hey asaba gukinjura mu mabanga yiwe," ni ko iryo shirahamwe ryamenyesheje mw'itangazo ryasohoye.

Ferwafa ivuga ko izobonana n'ubushikiranganji bujejwe inkino n'akaranga "mu misi iri imbere" kugira barabire hamwe ivyo uwo mudagi asaba.

"Hey asabwa kwubahiriza ivyerekeye kurangiza amasezerano ari hagati y'impande zibiri," ni ko iryo tangazo rivuga.

Hey yari yagenywe kuba umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'Urwanda mu kwezi kwa gatatu mu 2017 inyuma yo kurusha umunya Swisse, Raoul Savoy n'umunye Portugal Jose Rui Lopes Aguas.

Uwo mugabo w'imyaka 46 yahoze amenyereza imigwi nserukiragihugu ya Lesotho, Ghambia, Liberia na Kenya, mu misi yahera yari yavuze ko ariko araronderwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Syria.

Urwanda rwaguye mu gahundwe mu nkino za CHAN ku musi wa kabiri igihe batsindwa na Libya 1-0 ku mpera z'urukino- mu gihe bari bashoboye kunganya na Nigeria bongera batsinda igihugu ca Guinnee Equatoriale mu mugwi wa C.

Mu gihe urukino rwagira rurangire, Urwanda rwari rwiteguriye kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma imbere y'uko Libya itsinda igitego cabahaye intsinzi ku munota wa 93.

Urwanda rwari rwagiye muri izo nkino inyuma y'aho Kenya vyari bitegekanijqe ko itegura izo nkino yikuriye muri iryo higanwa- bituma haboneka ibindi bibanza mu karere, Urwanda rwagiyemwo inyuma yo gutsinda Ethiopia mu nkino zo gukuranamwo.

Bitegekanijwe ko umugwi w'amavubi usubira i Kigali kuri uyu wa gatanu.