Umugwi wa Arsenal uregereje kwegukana Aubameyang

Pierre-Emerick Aubameyang Uwufise ububasha kw’isanamu Simon Hofmann

Arsenal iregereje gushika ku masezerano yo kugura umukinyi w'imbere umunye Gabon Pierre-Emerick Aubameyang n'umugwi akinira wa Borussia Dortmund ku miliyoni zababa 60 z'amapawundi.

Ariko ayo masezerano ntazoja mu ngiro gushika umugwi wa Dortmund uronse uwundi mukinyi asubira mu kibanza ca Aubamenyang.

Inkuru zivuga ko umukinyi wa Arsenal, umufaransa Olivier Giroud ari mu bakinyi uwo mugwi wo mu Budagi wipfuza kugura.

Umugwi wa Arsenal wari waramaze kumenyesha ko ushaka kugira Aubameyang incuro zibiri zose ariko Dortmund bakanka.

Aubameyang w'imyaka 28, yatanguye mu kibuga ubwa mbere kuva itariki 16 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, ku musi wa gatandatu mu rukino banganije n'umugwi wa Freiburg.

Dortmund ivuga ko yiteguye kugurisha uwo mukinyi ariko mu gihe "bimwe mu vyo bipfuza vyokunda".

Uwo mugwi wo mw'ihiganwa ryo mu Budagi waranse kwakira imiliyoni 50 z'amapawundi za Arsenal yashaka gutanga kuri uwo mukinyi ku musi wa gatatu.

Aubameyang yahora mu gihano catumye ataja mu kibuga mu rukino rwabahuje na Wolfsburg mu ndwi zibiri ziheze, inyuma y'aho asibiye mu nama y'uwo mugwi asanzwe akinamwo.

Uwo mukinyi w'imbere wa Gabon kandi ntiyashizwe ku rutonde rw'abakinyi bahuye na Hertha Berlin mu mpera z'iyinga riheze kubera ko abategetsi b'umugwi wa Dortmund bibajije ko atitegurirye urwo rukino bikwiye, ariko yarakinye iminota 90 mu rukino rwabahuje na Freiburg.

"Turiteguye kumurekura mu gihe ibintu bimwe vyoshirwa mu ngiro," ni ko uwurongoye inkino Michael Zorc yabwiye imboneshakure ya German TV.

"Aho duhagaze haragaragara. Arsenal yaragerageje kenshi gushika ubu kumurondera. Ariko dushaka ibintu vyose bikwire."

Umugwi wa Arsenal barondera Aubamenyang ngo aze kuzibira ikibanza cavuyemwo umunya Chili Alexis Sanchez yagiye muri Manchester United mu ntango z'uku kwezi, banyuranijwe na Henrick Mkhitaryan.

Aubameyang w'imyaka 28 ni rurangiranwa mu gutsinda ibitego, mbere umumenyeshamakuru wa BBC Stanley Kwenda avuga ko uwo mukinyi ashobora gufasha uwo mugwi wo mu Bwongereza, ubu ufise ibibazo vyo gutsinda.

Gushika ubu, umukinyi Aubameyang amaze gutsinda ibitego 13 mu nkino 15 amaze gukina muri uyu mwaka.

Yatsinze ibitego 31 ku nkino 32 u mwaka uheze, ubu akaba abuze ibitego bibiri gusa kugira shikane ibitego 100 kuva ashitse muri uwo mugwi wo mu Budagi mu 2013.

Inkuru zavugwa mu Budagi n'uko Arsenal yari kumugura imiliyoni 50 iyo bashobora kwumvikana na Borussia Dortmund.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Mu ndwi iheze, uwurongoye inkino mu mugwi wa Dortmund Michael Zorc yavuze ko Wenger yababuriye isoni mu kuvuga ku mugaragaro ivyerekeye uwo mukinyi.

Wenger yari yavuze ko uwo mukinyi wo muri Gabon ashobo "kumererwa neza" mu mugwi wa Arsenal.

Mu gihe Arsenal bomugura, bazoba baciye umuhigo w'abakinyi ubu yari imaze kugura, uwari uwa mbere ubu yabazimvye akaba ari Alexandre Lacazette yaguzwe amapawundi imiliyoni 46.5

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pierre-Emerick Aubameyang amaze gutsindira umugwi wa Dortmund ibitego 21 mu nkino 24 muri uyu mwaka