Aymeric Laporte: Manchester City iguze umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa imiliyoni 57 z'amapawundi

Manchester City iciye umuhigo mu kugura umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa Aymeric Laporte yahora akinira umugwi wa Athletic Bilbao imiliyoni 57 z'amapawundi. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester City iciye umuhigo mu kugura umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa Aymeric Laporte yahora akinira umugwi wa Athletic Bilbao imiliyoni 57 z'amapawundi.

Manchester City iciye umuhigo mu kugura umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa Aymeric Laporte yahora akinira umugwi wa Athletic Bilbao imiliyoni 57 z'amapawundi.

Amahera aguzwe Laporte, ataratwara igikombe na kimwe mu Bufaransa, ashikanye imiliyoni 252 z'amapawundi amaze gukoreshwa n'imigwi yo mu bwongereza - umuhigo kw'igurishwa ry'abakinyi mu kwezi kwa mbere.

Kuri City, amahera aguzwe uwo mukinyi w'imyaka 23 aje gukwiza imiliyoni 190 uwo mugwi umaze gutanga ku bakinyi b'inyuma kuva mu mwaka uheze.

Umuhigo waheruka wa City ni imiliyoni 55 yaguze umukinti wo hagati Kevin de Bruyne mu 2015.

Laporte amaze gukinira umugwi w'abaterenza imyaka 21 incuro 19.

"Niteguriye gukorana n'umumenyereza Pep Guardiola no gufasha umugwi gutsinda," ni ko yabwuye urubuga rwa City.

"Ni ibintu bikomeye cane kubona umugwi unyizera nkaba mfise igishika co gutangura kubakinira."

Imvune z'urutavanako za Vincent Kompany hamwe no kutamenya ryari Eliaquim Mangala azosubira kumera neza vyatumye Guardiola abona ko hakenewe uwundi mukinyi w'inyuma yiyongera ku bandi yari yiyumviriye, John Stones na Nicolas Otamendi.