Alexis Sanchez yafashije Man United gutsinda mu gihe Man City yo yanganije

Umukinyi w'imbere wa Man United Alexis Sanchez atsinze igitego kuri panalite Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukinyi w'imbere wa Man United Alexis Sanchez atsinze igitego kuri panalite

Umumenyereza wa Man City Pep Guardiola yanse kunegura Raheem Sterling kuba yananiwe gutsinda kandi yari yaronse akaryo keza mu rukino rwabahuje n'umugwi wa Burnley mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Mu gihe bari batsinze igitego 1-0 imbere y'iminota 20 bizeye intsinzi ya 23, Sterling yananwe gutsinda umupira yari aherejwe na Kyle Walker.

Vyatomye bamuzomera mbere aca aranasubirizwa imbere y'uko Berg Gudmunsson wa Burnley yishira igitego ca City mu gihe hari hasigaye iminota umunani gusa.

Umumenyereza wa Burnley, Sean Dyche yari azi ko atsinzwe iyo Sterling atahusha ico gitego.

Ikibuga cose caciye gitangura kudushigikira.

Ariko Guardiola yahakanye ko atakuyemwo Sterling kubera yananiwe kwinjiza ico gitego.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza wa Man City Pep Guardiola yanse kunegura Raheem Sterling kuba yananiwe gutsinda kandi yari yaronse akaryo keza

Muri ico gihe nyene, Alexis Sanchez yatsinze igitego ciwe ca mbere muri Manchester United mu rukino rwabahuje na Huddersfield, ubu uwo mugwi ukaba uriko uregera ikibanza co kumanuka mu cicaro ca kabiri.

Inyuma y'igice ca mbere, Romelu Lukaku yatsindiye igitego ca mbere United ku munota wa 55.

Mu nyuma, Sanchez yakiniwe nabi n'umukinyi w'inyuma wa Huddersfield, Michael Hefele, aca aronka penalite yaciye yinjiza we nyene.

Ingene izindi nkino zagenze:

  • Bournemouth 2-1 Stoke City
  • Leicester 1-1 Swansea
  • Brighton 3-1 West Ham
  • Leicester 1-1 Swansea
  • West Brom 2-3 Southampton