Sergio Aguero ariko aregera ikibanza ca mbere mu kwinjiza

Sergio Aguero amaze gutsindira Man City ibitsindo 197 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sergio Aguero amaze gutsindira Man City ibitsindo 197

Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola yavuze ko umukinyi w'imbere Sergio Aguero akwiye gushimigwa imbere ya bose inyuma yaho yinjirije ibitsindo bine mu rukino batsinze Leicester 5-1 ku wa gatandatu.

Inyuma yaho atsindiye ibitsindo bine mu gice ca kabiri, Sergio Aguero yabaye uwa kabiri afise ibitsindo (21) vyinshi mw'ihiganwa rya Premier League, inyuma ya Harry Kane (23) wo muri Tottenham.

Banganya ibitsindo na Mohamed Salah wo muri Liverpool.

Inyuma yiyo ntsinzi umugwi Manchester City ugiye imbere iyindi migwi amanota 16, ukaba ariko uguma wegereza gutahukana ihiganwa ry'uno mwaka.

Guardiola yavuze ati: "Sergio yagwanye cane, arahambaye cane kuri twebwe.

"Twakinye nk'ingene twari rwakinye duhura na Burnley mu ndwi iheze, ariko igitandukanye hano nuko twagize amahigwe."