Mane yafashije Liverpool gushika mu gice ca kane ca Champions League

Sadio Mane amaze kwinjiza ibitsindo bitandatu mw'ihiganwa rya Champions League uno mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sadio Mane amaze kwinjiza ibitsindo bitandatu mw'ihiganwa rya Champions League uno mwaka

Ibitsindo bitatu umukinyi w'imbere Sadio Mane yinjije, vyatumye umugwi wa Liverpool ushika mu gice ca kane ca Champions League inyuma yo gutsinda vy'agashinyaguro umugwi wa Porto 5-0 ku munsi wa gatatu.

Mane yinjije igitsindo ca mbere, umunyezamu ananiwe guhagarika ishuti atumbereje iyo atari ku munota wa 25. Ibindi bitsindo bibiri vya Mane vyinjiye ku minota ya 53 na 85.

Ibindi bitsindo bibiri vya Liverpool vyinjijwe na Mohamed Salah ku munota wa 29 na Roberto Firmino ku munaota wa 69.

Urukino rwa kabiri ruzokinigwa ku kibuga ca Anfield itariki 6 z'Ukwezi kwa gatatu, Porto ikaba itazorohegwa kugaruza ibitsindo yinjijwe.

Umugwi wa Liverpool usa naho wamaze kuronka itike yo kuja mu gice ca kane, na burya ibitsindo winjije ku munsi wa gatatu ari ivyo hanze, ioyo ntambwe ikaba yashitsweko ku bwa Sadio Mane.