Pyeongchang 2018: Pyeongchang 2018: Umurusiya yiketswe kwitera imiti y'inguvu

Pyeongchang 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pyeongchang 2018

Umunonotsi w'umurusiya ntiyashoboye kwezwa n'umugwi upima abiteye imiti yo kwongereza inguvumu nkino za Olympique z'igihe c'imbeho nyinshi Pyeongchang 2018, nkuko ikinyamakuru Tass co mu Burusiya kivuga.

Abarusiya barenga 160 bariko barahiganwa ku ruhande muri izo nkino kw'iteke ry'ishirahamwe "Olympic Athletes from Russia" (OAR), mu gihe igihugu cabo cahagaritswe muri izo nkino inyuma yaho cagirijwe guha abanonotsi baco imiti yo kwongereza inguvu mu nkino za Sochi zo mu 2014.

Ishirahamwe OAR ntiryasohoye izina ry'uwo munonotsi.

Ishirahamwe mpuzamakungu mu vy'ubunonotsi "International Olympic Committee" (IOC) ntiryashatse kugira ico ribivugako, risigura ko hari umugwi wigenga ubijejwe.

Naho Uburusiya bwankiwe guhiganwa nk'abandi mu nkino zo muri Korea Yepfo, abanonotsi vyibonekeje ko badakoresha iyo miti baremerewe kuja muri izo nkino kw'itike ya OAR.

Ishirahamwe OAR ryarungitse abanonotsi 169, ukaba ariwo mugwi munini wa gatatu inyuma ya Canada na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Indirimbo ya Olympique niyo iririmbwa igihe cose haba hagize uwuronka umudari muribo, ariko nta darapo canke ururirimbo rw'igihugu bikoreshwa.