Arsenal izohura na AC Milan mu gice ca kane ca Europa League

Arsenal yinjiye mu gice ca kane ikuyemwo Ostersunds FK yo muri Suede Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsenal yinjiye mu gice ca kane ikuyemwo Ostersunds FK yo muri Suede

Umugwi wa Arsenal wo muri Premier League uzohura n'umugwi AC Milan mu gice ca kane, umaze gutwara incuro indwi igikombe ca Champions League.

Aba Gunners bazoja mu Butaliyano mu rukino rwa mbere itari 8 Ukwezi kwa gatatu, urukino rugira kabiri rukazoba haheze indwi imwe.

Umugwi wa Milan uri uw'indwi muri Seria A, watsinze umugwi Ludogorets Razgrad wo muri Bulgarie 4-0 ku nkino zose.

Aba Gunners ba Arsene Wenger batsinze Ostersunds FK yo muri Suede 4-2 mu nkino zose.

Mu mahiganwa indwi iherutse kujamwo ya Buraya, Arsenal yamye ikugwa muri Champions League mu gice ca kane.

Mu 2012 yakuwemwo na Milan AC, Arsenal ikaba yabanje itsindigwa i San Siro 4-0 munyuma itsinda 3-0 ku kibuga iwayo.

Naho wageze kure ku mugabane wa Buraya, uwo mugwi wo mu Butaliyano nturigera utsinda ihiganwa Europa League canke iryariho imbere, Uefa Cup.

Mu gihe bamenyerezwa n'uwahora ari umukinyi wo hagati wabo, Gennaro Gattuso, bari inyuma y'umugwi wa mbere muri Serie A, Napoli, naho batanze imiliyoni £200 bagura abakinyi bashasha mu ci riherutse.