Ishirahamwe ry'abatunze inkoho riridogegwa ku bwicanyi bwo muri Floride

Amashirahamwe aharanira agateka yidogera ikigo NRA ku bwicanyi bwabaye muri Florida Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amashirahamwe aharanira agateka yidogera ikigo NRA ku bwicanyi bwabaye muri Florida

Amasosiyete menshi yo muri Amerika yahagaritse imigenderanire n'ishirahamwe ry'abatunze inkoho "National Rifle Association" (NRA) inyuma y'ubwicanyi bwo muri Floride, mu gihe hari akamo gasaba ko ryokumigwa ku vy'ubudandaji.

Ayo masosiyete arimwo iyikotesha imiduga "Hertz and Enterprise" iha ibiciro bicururutse abanywanyi ba NRA.

Iyindi ni iy'iya mudasobwa, Symantec yavuze ko itazosubira kubagabaniriza ku vyo yabagurishako.

Urupfu rw'abantu 17 rwavyuye akamo k'abasaba ko hoba amategeko akomeye yo kugenzura ibigwanisho.

Bulamatari wa Florida w'umu Républicain, Rick Scott, arashigikiye akamo gasaba ko imyaka y'abagura inkoho yova kuri 18 ikaja kuri 21.

Hamaze igihe hari amakuru aca ku mbuga hwaniro asaba ko ikigo NRA gikumigwa.

Ico kigo gifise abanywanyi imiliyoni zitanu, ntaco kiravuga ku ngingo zagifatiwe.