IOC ishobora gusubiza Uburusiya mu mahiganwa yayo

Abanonotsi bo mu Burusiya batambutse bafise idarapo ya IOC kubera ko igihugu cabo cakumiwe muri izo nkino Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanonotsi bo mu Burusiya batambutse bafise idarapo ya IOC kubera ko igihugu cabo cakumiwe muri izo nkino

Umugwi ugenzura inkino za Olympique "International Olympic Committee" (IOC) uvuga ko ushobora gusubiza Uburusiya mu mahiganwa utunganya, igihe hatoba abandi bantu bafashwe biteye imiti y'inguvu.

IOC yaranse kwemerera abanonotsi b'abarusiya gutambuka bafise idarapo y'igihugu mu birori vyo gusozera inkino za Olympique za Korea Yepfo.

Uwurongoye IOC, Thomas Bach, yavuze ko bibabaje kubona hari abarusiya babiri bafashwe biteye imiti yo kwongereza inguvu muri zino nkino za Olympique.

Uburusiya bwahagaritswe mu mahiganwa ya IOC bitewe nuko hari amakuru yagiye ahabona, ko Uburusiya bwatanze uburyo bwo gutera imiti yo kwongereza inguvu abanonotsi babwo igihe c'inkino za Sochi bwari bwakiriye mu 2014.