Wenger ngo ntiyipfuza guhura na Atletico mu gice gikurikira

Danny Welbeck yinjije ibitsindo bibiri ku kibuga ca Emirates - ibitsindo vyiwe vya mbere muri Europa kuva mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Danny Welbeck yinjije ibitsindo bibiri ku kibuga ca Emirates - ibitsindo vyiwe vya mbere muri Europa kuva mu 2014

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko atipfuza guhura n'umugwi Atletico Madrid inyuma yaho Arsenal itsindiye AC Milan

Umukinyi w'imbere Danny Welbeck yinjije ibitsindo bibiri, mu rukino aba Gunners batsinze 3-1.

Hakan Calhanoglu niwe yinjije igitsindo ca AC Milan, ariko uwo mugwi ntiwashoboye kubandanya mu gihe mu nkino zose watsinzwe 5-1.

"Twokwipfuza kudahura na Atletico Madrid," niko Wenger yavuze.

Ugutora ingene imigwi izohura mu gice ca kane, bikogwa ku munsi wa gatanu.

Intsinzi yo ku munsi wa kane yabaye iya gatatu ya Arsenal, inyuma yaho itsindiye AC Milan mu rukino rwa mbere, na Watford ku munsi wa Mungu.

Imbere y'izo nkino, aba Gunners bari batsinzwe kane bikurikiranya.

"Ubu ni vyiza kurusha. Twari tubikeneye uravye ingene twigenjeje," niko Wenger yavuze.