Uburusiya buraremesha abakunzi ba Arsenal

Thierry Henry yari mu bakinyi ba Arsenal mu rukino uwo mugwi uheruka guhuramwo na CSKA Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Thierry Henry yari mu bakinyi ba Arsenal mu rukino uwo mugwi uheruka guhuramwo na CSKA

Umutegetsi w'umurusiya Alexei Sorokin yijeje abafana ba Arsenal abasaba kutagira ubwoba ku bijanye n'urukino rwimirije mu kwezi kuza.

Arsenal izohura na CSKA Moscou mu rukino rw'igice ca kane ca Europa League, mu gihe hari uruhagarara rwa politike hagati y'Ubwongereza n'Uburusiya.

Umukuru w'umugwi utegura ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu Burusiya, Alexei Sorokin yafashe minenengwe imyitwarariko ishingiye ku mutekano y'abashitsi bo mu Bwongereza.

"Tuzokomeza umutekano ku rugero rumwe kuri bose, kuva ku bategetsi gushika no ku bafana," niko Sorokin yabwiye ikinyamakuru ca leta TASS.

"Birateye isoni kubona izo nkino zizokinwa muri ico cuka."

Ku munsi wa gatatu, ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubwongereza bwarasohoye itangazo ku bafata ingendo zo mu Burusiya, bugabisha abanyagihugu b'Ubwongereza ko hashobora kuvuka "icuka c'urwanko ku Bwongereza n'ihohotera".

Iryo tangazo ryaciye rishigwa ku mbuga ya Arsenal, inyuma yaho hatangarijwe ku munsi wa gatanu ingene imigwi izohura.

"Iryo gabisha nta fatiro rifise na gato," niko Sorokin yabandanije avuga.

Ku munsi wa gatandatu, Uburusiya bwamenyesheje ko bugiye kwirukana abakozi 23 bo mu buserukizi bw'Ubwongereza, biturutse ku kibazo c'imigenderanire cavutse inyuma yaho umusumyi wa kera w'urusaku agabiweko igitero ari kumwe n'umukobwa wiwe mu Bwongereza.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburusiya buvuga ko buzirukana abo bakozi ba ambasade mu ndwi imwe, mu kwihora ingingo y'Ubwongereza yo kwirukana abarusiya 23 bari mu buserukizi.

Arsenal niyo izokwakira urukino rwa mbere kuri Emirates Stadium itariki 5 Ukwezi kwa kane, urukino rwa kabiri rubere i Moscou itariki 12 Ukwezi kwa kane.

Ibindi bisa n’ibi