Inyuma ya Man Utd Ibrahimovic agiye muri LA Galaxy

Zlatan Ibrahimovic yinjije ibitsindo 29 ku nkino 53 muri Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zlatan Ibrahimovic yinjije ibitsindo 29 ku nkino 53 muri Manchester United

Zlatan Ibrahimovic yiteguriye kuja gukina muri Major League Soccer muri Amerika mu mugwi LA Galaxy, inyuma yaho azoba avuye muri Manchester United.

Ibrahimovic yinjije ibitsindo 29 mu nkino 53 za United, yemeye kurangiza amasezerano y'akazi kino gihe, akaba yari kurangira mu bisanzwe mu ci.

Uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 36 aturuka mu gihugu ca Suède, yakinyi incuro indwi gusa, kuva igihe agiriye ingorane z'amagara mu kwezi kwa Kane.

"Harageze ko ngenda inyuma y'imyaka ibiri nakozemwo neza muri Manchester United," niko yanditse kuri Instagram.

"Ibintu biryoshe biragera aho bihera. Ndashimiye umugwi, abafana, umumenyereza, abakozi hamwe n'uwo wese twasangiye ivy'ano mateka."

Amaze gutangaza ko agiye, United yagize iti: "Abari mu mugwi bose bipfuza gushimira Zlatan ku ntererano yatanze mu mugwi kuva igihe ashikiye, kandi bamwipfurije kuroranigwa muri kazoza."

Hari abandi bakinyi bahora mw'ihiganwa rya Premier League ryo mu Bwongereza, azoba asanze muri Los Angeles Galaxy.

Barimwo Ashley Cole yakinye mu migwi ya Arsenal na Chelsea, Jelle Van Damme yakina muri Wolverhampton na Giovani dos Santos yahora muri Tottenham Hotspur.

Ibindi bisa n’ibi