Ibihuhwa vyo ku wa gatanu mu mupira w'amaguru

Isco yafashije Real Madrid gutsinda amahiganwa atatu ya Champions League kuva aho ashikiye muri uwo mugwi mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Isco yafashije Real Madrid gutsinda amahiganwa atatu ya Champions League kuva aho ashikiye muri uwo mugwi mu 2013

Mu bihuhwa vyo ku munsi wa gatanu mu mupira w'amaguru bivugwa ko umugwi Manchester City ushobora kugura muri rino ci umukinyi wo hagati Isco akina muri Real Madrid

Amasezerano yo kugura uwo mukinyi w'imyaka 25, ashobora gutwara amahera agera ku miliyoni 75 z'amapawundi. (Ikinuyamakuru Mirror)

Chelsea na Tottenham nayo nyene irarondera Isco. (Ikinyamakuru Sun)

Arsenal yipfuza ubwa mbere kurondera abakinyi bo hagati mu bakina inyuma na hagati uno mwaka, mu gihe atawuzi kazoza k'umukinyi w'umugwi w'Ubwongereza Jack Wilshere w'imyaka 26. (Telegraph)

Umukinyi w'umugwi w'Ububiligi Moussa Dembele w'imyaka 30, ngo nta masezerano mashasha azogirana n'umugwi Tottenham imbere y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, bigatuma kazoza kiwe kajako kabaza. (Ikinyamakuru Telegraph)

Umukinyi w'imbere wa Bayern Munich, Robert Lewandowski, 29, arondera kuja muri Real Madrid rino ci.

Umukinyi wo hagati wa Paris St-Germain, Hatem Ben Arfa, yavuze ko azova mw'ihiganwa rya Ligue 1 mu mpera y'ihiganwa ry'uno mwaka.

Uwo mukinyi w'umufaransa w'imyaka 31, ngo yoba ahigwa n'umugwi Leicester City. (Ikinyamakuru Sun)

Umumenyereza w'umugwi Watford, Javi Gracia yasavye umukinyi Abdoulaye Doucoure, 25, kutemera abariko baramuhiga bo mu migwi Manchester United, Tottenham, Liverpool na Arsenal bose bashaka kumutangako imiliyoni 40 z'amapawundi. (Ikinyamakuru Mail)

West Ham yipfuza kugura kapitene w'umugwi w'Uburusiya, Fyodor Smolov.

Uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 28 akina mu mugwi wa Krasnodar, ashobora gutangwako imiliyoni 15 z'amapawundi.

Ibindi bisa n’ibi