Umukinyi wa Man Utd Kehinde ngo yahisemwo gukinira Nigeria

Umukinyi wa Man Utd Kehinde ngo umutima wiwe uri muri Nigeria
Image caption Umukinyi wa Man Utd Kehinde ngo umutima wiwe uri muri Nigeria

Umukinyi wa Manchester United Tosin Kehinde ashobora gutogwa mu migwi y'ibihugu vy'Ubwongereza na Nigeria mu gikombe c'isi yose, yavuze ko umutima wiwe uri mu mugwi Super Eagles wo muri Nigeria.

Uwo mukinyi w'imyaka 19 yavukiye muri Nigeria ariko agakurira mu Bwongereza, avuga ko agatima kagumye muri Nigeria.

"Nigeria ni nk'igihimba canje. Navukiye hariya. Abavyeyi banje bose baturuka muri Nigeria. Naduze mva muri kahise ka Nigeria, ku buryo ico gihugu kiguma kingendana," niko Kehinde yavuze ahura n'abarongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Nigeria ku munsi wa Mungu, ariko avugana ku vyo gukinira umugwi w'ico gihugu.

Yari yaherekejwe n'abavyeyi biwe igihe ahura n'abo bategetsi mu gisagara ca Londres.

Kehinde yavuze ko yipfuza guca mu makanda ya Alex Iwobi wo muri Arsenal, yahisemwo gukinira Nigeria mu 2015 aho gukinira Ubwongereza.

"Iyo uriko urakura, iyo ubona abakinyi nka Jay Jay Okocha, ingene yakina neza n'abakinyi bamukurikiye nka Alex Iwobi na kapitene wa "Super Eagles", Mikel Obi, usanga urondera akaryo ko gukinira Nigeria."

Kehinde yatanguriye mu mugwi wakina ku wa Mungu, afise imyaka indwi.

Ashikanye imyaka 13, yinjiye mu mugwi wa Manchester United igisata c'abakiri bato, araduga gushika aho akina mu migwi y'abafise imyaka iri munsi ya 23.

Ntarakina mu mugwi wa mbere umenyerezwa na Jose Mourinho, naho rimwe na rimwe yimenyereza mur'uwo mugwi yahamagawe n'uwo mumenyereza aturuka muri Portugal.

Yizeye guca mu makanda y'abo bakinanye nka Marcus Rashford, Timothy Fosu Mensah, Demetri Mitchell, Scott McTominay na Axel Tuanzebe.

"Nizeye gukina mu mugwi wa mbere, niyo ndoto y'umukinyi wese nanje ndimwo. Mu gihe umumenyereza (Jose Mourinho) afise icizere mu rwaruka, kandi akaba aha abakinyi akaryo ko gukina, bituma niyumvira ko ninakorana ubwira nshobora kuronka ako karyo," niko Kehinde, akinira hagati ariko agashobora gukinira n'inyuma ku ruhande i bubamfu, yavuze.

Ibindi bisa n’ibi