Abatsinze n'abatsinzwe mw'ihiganwa rya Commonwealth ririko rirabera i Gold Coast muri Australia

Image caption Umugwi w'Urwanda wa Volleyball yo ku musenyi ejo watsinze urukino rwawo rwa mbere batsinze Singapure.
Image caption Masoud Mtalaso wa Tanzania (i Bubamfu) na Halima Nambozo wa Uganda bose batsinzwe mu nkino zabo za mbere za tenis yo ku meza.
Image caption Shafi Bakari wa Kenya yatsinzwe mu nkino zo gukubitana ingumu, ubu ico gihugu kikaba gihanze amaso Christine Ongare azotana mu mitwe n'umunonotsi wo mu gihugu ca Sri Lanka.
Image caption Umunonotsi mu gukubitana ingumu wa Uganda Juma Miiro yatsinze umunye Kenya Shafi Bakari, akaba yaciye aronka amahigwe yo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Image caption Mu gihe yotsinda urukino rwiwe rwa kabiri rwa tenis yo ku meza, uyu musi ku mugoroba, Fathiya Pazi aca aronka uburenganzira bwo kubandanya mu nkino zo gukuranamwo.
Image caption Fathiya Pazi yatsinze umunonotsi wo muri Tuvalu iseti 4-0 bituba aba umunonotsi wa mbere wo muri Afrika y'uburasirazuba aronse intsinzi mu rukino rwa tenis yo ku meza.