Semenya yatsindiye umudali w'inzahabu mu 1500m

Semenya akuye "record" yahahora ya Zola Budd yo mu 1984
Image caption Semenya akuye "record" yahahora ya Zola Budd yo mu 1984

Umunya Afrika Yepfo Caster Semenya yatsindiye umudali w'inzahabu mu kwiruka imetero 1500, akoresha umwanya mwiza utari bwashikweko (new record) wa 4.00.71, aba akuye uwahahora wa Zola Budd yagize mu 1984.

Umunya Kenya Beatrice Chepkoech yaronse umudali w'ifeza.

Muri izo nkino za Commonwealth ziriko zibera muri Australia, uwundi munya Afrika Yepfo Akani Simbine nawe nyene yaronse umudali w'inzahabu mu kwiruka 100m ku mwanya w'amasegonda 10.03.

Ku ruhande rw'abigeme, Michelle-Lee Ahye aturuka muri Trinité-et-Tobago niwe yaronse uwo mudali w'inzahabu muri ico gisata ku mwanya w'amasegonda 11.14.